03/03/2026
IRAN (P***E) NA ISRAEL: INCUTI ZA KERA ZAHINDUTSE ABANSI
(Inkuru y’amateka isa n’iy’igitangaza).
Hari ikintu abantu benshi batari bazi:
Irani ya kera ni yo yakijije Israel.
Ariko uno musi, Irani ni umwe mu bansi bakomeye ba Israel. None vyagenze gute?
Reka dusubire inyuma mu mateka,ni inkuru itari ngufi ariko ndagerageza gupfunyapfunya.
Mu mwaka wa 587 imbere ya Yesu Kristu, ubwami bwa Israel bwarasenyutse. Umwami wa Babuloni, Nebukadineza, yarasambuye Yeruzalemu, araturira urusengero rwera, maze Abayahudi bajanwa inyagano i Babuloni. Igihugu cabo cari kirangiye,casigaye ari umusaka gusa.
Ariko mu 539 BC (Ni kuvuga,imbere ya Yesu)haza umwami mushasha akomeye cane: Cyrus Mukuru, ari we Kuro,umwami w’Ubwami bw'Abaperesi (Iran ya kera).
Amaze gutsinda Babuloni, yakoze ikintu kitigeze kibaho mu mateka y’ico gihe:
●Yarekuye Abayahudi bose
● Arabemerera gusubira iwabo
● Abafasha gusubira kwubaka Yerusalemu n’urusengero rwabo.
Muri Bibiliya, Cyrus yiswe “uwarobanuwe n’Imana”,nk'uko vyanditswe na Yesaya45 naho atari Umuyahudi. Ni bwo bwa mbere umwami w’umunyamahanga ahabwa icubahiro nk’ico.
Abayahudi benshi bamufata nk’umucunguzi wabo — umuntu Imana yakoresheje kugira igihugu cabo gisubire kubaho.
Kuva ico gihe, Ubuperesi bwabaye igihugu kirinda Abayahudi.
Ubucuti bwamaze imyaka myinshi mu gihe c’ingoma y'Abaperesi;
Abayahudi bararonse amahoro,
barasubiye kwubaka igihugu,
idini ryabo rirakingirwa
Abami nka:
Darius wa I (Dariyo umu-Medi) canke
Artaxerxes wa I
barabashigikiye.
Ibitabu vya:
Ezira,
Nehemiya na
Esiteri
vyose bivuga igihe Ubuperesi bwarinda Abayahudi.
Mu mateka ya Bibiliya, Iran ya kera yari incuti ya mbere ya Israel.
No mu gihe ca none barigeze kuba incuti
N’inyuma y’ishingwa rya Israel (1948)
Iran ntiyari umwansi,kuko ku ngoma ya Shah:
Mohammad Reza Pahlavi,Iran ntiyatereranye Israel,
barakorana mu butunzi,
mu gisirikare,
mu vya pétrole n’ubutasi.
Israel na Iran bari abafatanyabikorwa bakomeye cane gushika 1979...
Vyaje gute?
Ubwansi bwa Iran na Is