ECARE

Directions Website

ECARE Aimer notre page, s'abonner a notre page pour profiter l'occasion d'avoir des mises à jour sur notre page.

12/03/2026
01/03/2026

Avec Ntare Promoter +257 – J’ai une série en cours ! Je suis super fan depuis 7 mois d’affilée. 🎉

ITANGAZO RIJANYE NO GUSHIKIRIZA ABARIMYI IFUMBIRE N'ISHWAGARA MINEAGRI
09/02/2026

ITANGAZO RIJANYE NO GUSHIKIRIZA ABARIMYI IFUMBIRE N'ISHWAGARA MINEAGRI

"Turasavye arya mafaranga yari agenewe kwubaka amazone akurikiranwe n'inzego zibijejwe, uwo bizoboneka ko atayakoresheje...
31/12/2025

"Turasavye arya mafaranga yari agenewe kwubaka amazone akurikiranwe n'inzego zibijejwe, uwo bizoboneka ko atayakoresheje ibikwiye akamwagira ayasubize ku neza y'igihugu"
--------------------------------------------
👆🏿Ico ni igisabo c'Abakenguzamateka aho bavuga ku bijanye n'amafaranga imiriyoni 220 z'amarundi yari agenewe kwubaka buri biro vya zone imwe imwe

🏛️ Hari ku wa 27 Kigarama 2025, ku cicaro c'Inama i , aho Alain Ndikumana, umushikiranganji w'ikigega ca Reta, yari ahejeje kubasaba ko boja kwisuzumira nimba amazone yubatswe yoba ahuriranye n'imiriyoni 220 Fbu kuri biro vya zone imwe imwe ubwo bushikiranganji bwatanze kugira ngo zubukwe

🗣️ Kuri ico gisabo, umukenguzamateka Sabine Ntakarutimana yagize ati: "Ko amafaranga yatanzwe ngo yubake amabiro y'amazone yaheze, tukaba tubona hariho amabiro atarahera kwubakwa, n'ayubatswe ugasanga nta bikoresho agira, inzego zibijejwe nizikurikirane arya mafaranga. Uwo yagira, hakaboneka n'ibimenyamenya ayasubize ku neza y'igihugu, maze igihugu kigatunganywa neza, umwenegihugu akaronka ico yategerezwa kuronka"

🤝 Mu kumwunganira, Gervais Ndirakobuca, umukuru w'inama nkenguzamateka, yavuze ati: "Naho twatowe ngo duserukire abenegihugu, ntituri abahinga mu bijanye no gusuzuma ibiciro vy'ibintu vyubatswe. Nyakwubahwa mushikiranganji, mworaba ubugenduzi bukuru bw'igihugu bukagenda mu kigo mwahaye isoko yo kwubaka amazone, bugasuzuma utunenge twose twagiye mu gutanga amasoko n'ivyagiye biracererwa."

📌 Mu gusozera, Ndirakobuca agira ati: "Bakwiye gusuzuma ayo mafaranga iyo yagiye, bagasuzuma amakonti yose yaciyeko. Hanyuma, mwen'ikonti akabazwa ico amafaranga yaranguye, akibuze agafatwa, hama nawe agafatana n'uwo bayagabuye. Bidakozwe mu maguru masha, tuzosanga n'ubundi ayo mafaranga yagiye nk'uko n'ayandi yama yagiye"

DR ALAIN NDIKUMANA NI NDE?Ubuzima n’amateka vy'umushikiranganji Dr Alain NdikumanaDr Alain NDIKUMANA ni umushikiranganji...
31/12/2025

DR ALAIN NDIKUMANA NI NDE?

Ubuzima n’amateka vy'umushikiranganji Dr Alain Ndikumana

Dr Alain NDIKUMANA ni umushikiranganji w'ikigega ca Reta. Azwi cane mu buhinga bwa "statistiques", ubutunzi bwigisha iterambere (économie du développement) hamwe n’intwaro ibereye. Muri kigarama 2023, yagenywe n’Umukuru w’Igihugu ngo arongore Ibiro bijejwe Inyigisho, Ubuhinga n’Iterambere (BESD). Muri ico kigo, ni we yateguye yongera arasohora umushinge w’ivyo igihugu kishaka gushikako mu myaka ya 2040-2060 (Vision 2040-2060), akaba ari umugambi uhambaye w’iterambere ry’Uburundi.

Amashure yize.

Yarangije amashure ya kaminuza muri Kaminuza y’Uburundi (Rumuri), mu gisata ca Statistique, aho yari yarize ivyerekeye ubutunzi (Economie). Yabandanyirije amashure mu kigo ENSEA c’i Abidjan, muri Côte d’Ivoire, aho yakoze ubushakashatsi bwimbitse ku kuntu imfashanyo ziva hanze zigira ico zihinduye kw'iterambere rya Afurika. Ivyo bikorwa vyatumye aronka"Doctorat" mu bijanye na "statistiques" hamwe n’ubutunzi, yongera arasohora igitabo c’ubuhinga muri nyakanga 2025.

Ibikorwa yash*tseko

2010 – 2016: Inzobere mu kwegeranya ibiharuro vyerekeye amashirahamwe n’inganda mw’ishirahamwe ISTEBU.
2016 – 2023: Umuyobozi w’igisata kijejwe ibiharuro vy’amashirahamwe n’inganda (Statistiques des entreprises).
2023 – 2025: Umuyobozi w’igisata kijejwe ivy’ubuhinga n’iterambere mu biro vy’Umukuru w’Igihugu.

Kuva muri Myandagaro 2025, yagenywe kuba umushikiranganji w’Ikigega ca Leta n’Ubutunzi.

Yatowe nk’umuhinga akiri muto wa mbere muri Afurika mu bijanye na statistiques mu mwaka wa 2023, agashimwe kerekana urugero rw’ubuhinga bwiwe ku mugabane wa Afurika nzima.

Aho akomoka

Dr NDIKUMANA avuka mu gisagara ca Bujumbura, muri karitiye ya Gikizi, Komine ya Ntahangwa.




11/11/2025

Discover even more ideas for you

12/10/2025

Address

Bujumbura

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when ECARE posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Shortcuts

Share